Naissance d’une association des artistes de la diaspora (communiqué)

21272531_1897207840294608_1032676328278069242_nISHIRAHAMWE RISHASHA RIHEJEJE KUVUKA

Abaririmvyi baba mumahanga bahejeje gukora Igikorwa c’Iteka aho bashimwe kuja hamwe kugira ngo bagarukire kandi bateze imbere Imico n’Akaranga biranga Igihugu cacu Uburundi maze baca bashinga Ishirahamwe yitwa  » UNABUDI-INYENYERI Z’UBURUNDI « 

KURIKIRA IBIJANYE NIRYO SHIRAHAMWE:

UNABUDI-INYENYERI Z’UBURUNDI ni ishirahamwe ry’abaririmvyi n’abahinga mu vyerekeye imico kama y’abarundi; baba mu bihugu bigize impande zine z’isi bakaba batuye mu Bihugu vyo mumahanga ( Diaspora). Abo bahinga b’abarundi baratahuye ko umutwe umwe utigira inama, maze bashima guhuriza ingoga hamwe, kugira ngo bose bahagurukire ica rimwe mu gukingira
imico n’akaranga biranga Uburundi.

INTUMBERO NYAMUKURU Y’ISHIRAHAMWE:

1. Kugarukira Imico n’Akaranga mu barundi bo mu mahanga

2. Gushigikira abahinga b’Imico n’Akaranga baba mu mahanga.

3. Kwibuka ku mwaka ku mwaka ibikorwa vy’abahinga badusigiye IRAGI. Buri mwaka igenekerezo rya 17 Mukakaro, hazohora hatunganywa ISABUKURU

ICIVUGO CA UNABUDI-NYENYERI-Z’UBURUNDI

– URUKUNDO
– UBUHINGA
– UBUMENYI
– ITERAMBERE

ABAGIZE UBURONGOZI BWA UNABUDI-INYENYERI Z’UBURUNDI

1. Umukuru w’Ishirahamwe ( President ):

Felicien Minani Nsengiyumva batazira Femi de j’Abat, aba i Norvege

2. Icegera ciwe ( Vice Présidente ):

Marie-Goretti Habonimana batazira Goreth Amabano aba mu Bubirigi

3.Urwego rw’umunyamabanga mukuru ( Secrétariat Général):

Bonaventure Havyarimana batazira KAKA Boney aba muri Amerika

4.Urwego rujejwe ivy’Ubutunzi ( Tresorerie ):

A.Emmanuel Sadiki batazira Kilo Kilo aba mu Bubirigi

B. Riziki Uwinyota aba muri Allemagne

5 Urwego rwo guhanahana amakuru( Communication):

Mireille Keza Delfosse aba mu Bufaransa.

6. Urwego rujejwe kuyamenyesha abatari mw’Ishirahamwe ( Publicité):

BKY Amissi aba muri Canada

7. Urwego rujejwe gutunganya ibiteramo n’amanama Nkarishabwenge ( Concerts & Seminaires):

Serge Nkurunziza aba Uganda

8.Urwego rujejwe imibano n’inyifato ibereye ( Social & Discipline )

Mpangaje Luc batazira Balozi aba muri Amerika

9. Urwego rujejwe itunganywa ry’ibikorwa n’ubushakashatsi ( Coordination & Strategie ):

Maisha Mustafa aba muri Amerika

10. Urwego rw’abahanuzi ( Conseillers )

– Marie Louise Sibazuri aba muri Australie

_ Sadi Kinyunda aba muri Kenya

_ John Mbonimpa aba mu Bubirigi

Twagira tubamenyeshe kandi ko UNABUDI-INYENYERI Z’UBURUNDI ifise page yayo ya Facebook yitwa « Unabudi Uib » mbere tukaba tubatumiye kuja kuraba urundi rubuga rwacu ruri muri YouTube

Ishirahamwe ry’Abarundi baba mumahanga rizokwakirana akanyamuneza uwo wese afise ico ashobora guterera kugira dushikire bitatugoye intumbero canke akarangamutima Ishirahamwe ryashize imbere.

MURAKOZE !!!

Felicien Minani Nsengiyumva

3 réflexions au sujet de « Naissance d’une association des artistes de la diaspora (communiqué) »

    1. None ibihangangange nka ba Kidumu, ba Leonard n’abandi ko tutababonamwo?Hanyuma tutabeshanye nta mico n’akaranga vy’Uburundi vyotera imbere mu mahanga mu gihe bikigoyagoya mu Burundi.Ko tutabona gahunda n’imwe ijanye no gufasha les artistes bari i Burundi?Hanyuma nizere les ambassades z’Uburundi mu Makungu zizoborohereza mubikorwa vyanyu.

      J’aime

Laisser un commentaire